Uko wahagera

Pakistani: Nyamugigima Yangije Ibintu Byinshi


Mu gihugu ca Pakistani, abantu 17 barakomeretse inzu n’ibihome birabomoka bitewe na nyamugigima yabaye mur’ico gihugu ejo kuwa gatandatu.

Uko kunyiganyiga kw’isi kwabereye mu buraruko bwa Pakistani ku rubibe ico gihugu gihana na Tajikistan. Amakuru atangwa n’abakurikirana ivyigwa vy’isi bo muri Reta zunzubumwe za Amerika amenyesha ko iyo nyamugigima yari ifise manyitude 6.4.

Iyo nyamugigima yabaye gato inyuma ya sasita y’ijoro mu masaha yo muri Pakistani. Yarumvikanye kandi kumurwa mukuru Kabul wa Afganistani.

Abakurikirana ivyigwa vy’isi bo muri Pakistani nabo nyene bavuga ko yumvikanye no kumurwa mukuru wa Pakistani Islamabad no mu micungararo yawo. Eko n’abo mu murwamukuru w’Ubuhindi New Delhi carahaciye.

Iyo nyamugigima ije ikurikira iyabaye mur’ico gihugu haraciye amezi abiri, yahitanye abantu barenga amajana atatu.

Mu kwezi kwa kane muri Nepal abantu baharurwa mu bihumbi barapfuye amazu aharurwa mu majana arasamburwa na nyamugigima yibasiye ico gihugu

XS
SM
MD
LG