Uko wahagera

Ibiganiro vy'Abarundi Biratangura i Kampala


Ikibuga cy'indege ca Entebbe
Ikibuga cy'indege ca Entebbe

Umuhuza mu biganiro hagati y'Abarundi yavuze ko bizotangura mu gisagara ca Entebbe mu gihugu c’Ubuganda, bikabandanaririza mu gisagara ca Arusha, muri Tanzania. Perezida w’igihugu c’Ubuganda, Yoweri Kaguta Museveni ni we uzobihagararira

Leta y'Uburundi yarakiriye neza iyo ngingo. Willy Nyamitwe, umuhanuzi mu biro bya Perezida w'Uburundi avuga ko reta y’Uburundi izokwitaba ibiganiro vyimirije. Mu kiganiro n'umunyamakuru w'Ijwi ry'Amerika Frederic Nkundikije, umushingantahe Nyamitwe asobanura kw’abantu baronderwa n’ubutungane batazoba bari mur’ivyo biganiro, kandi kw’ingabo z’ishirahamwe rya Afrika zidakwiye kurungikwa mu Burundi.

please wait

No media source currently available

0:00 0:09:38 0:00

Umuvugizi w’urunani CNARED, inama y’igihugu iharanira iyubahirizwa ry’amasezerano y’i Arusha hamwe n’ibwirizwa shingiro, Chauvineau Mugwengezo, nawe avuga kw’urunani rwabo runezerewe no kuba rwatumiwe mur’ivyo biganiro.

Avuga kw’ivyo biganiro bizobaha akaryo ko gusaba kw’igihugu kigarukanwa mu nzira yubahiriza amasezerano y’I Arusha, hamwe n’ibwirizwa shingiro.

please wait

No media source currently available

0:00 0:07:21 0:00

XS
SM
MD
LG