Uko wahagera

Sudani Yepfo: Intara 28 Nshasha


Ikarata ya Sudani Yepfo
Ikarata ya Sudani Yepfo

Umukuru w’igihugu ca Sudani Yepfo, Salva Kiir, yafuse intara 10 zari zigize ico gihugu gishasha, ashinga izindi 28 nshasha mu bibanza vyazo.

Iyo ngingo ikaba yanebaguwe na bamwe, bavuga kw' irengera amasezerano yo gusangira ubutegetsi yapfunditswe mu kwezi kw’umunani inyuma y’intambara yabaye hagati y'abanyagihugu, yamaze imyaka ibiri.

Perezida Kiir yasohoye itegeko ry’ihindurwa ry’izo ntara mw'ijambo yashikirije mw'ijoro ry’ejo ku musi wa kane. Yaratangaje amazina ya ba buramatari b’izo ntara 28. Indwi mubahoze bayobora intara 10 za kera, bahawe amabanga yo kurongora intara nshasha.

Umukuru w’abagwanyi batavuga rumwe na reta ntibaragira ico bashikirije kur'iryo ryasohowe n’umukuru w’igihugu.

Tubibutse ko kur'uuyu wa kabiri, intumwa ziserukira imirwi y’abagwanyi batavuga rumwe na reta, zari kumugwa mukuru Juba, mu nama n’abaserukira reta, mu ntumbero yo kugerageza gutegura reta igizwe na bose.

Perezida Kiir n’umukuru w’abarwanya ubutegetsi Riek Machar, bamaze igihe bagirizanya kutubahiriza amasezerano y’amahoro bapfundika.

XS
SM
MD
LG