Uko wahagera

Abategetsi muri Centrafrika bunguruje itariki y’amatora y’umukuru w’igihugu imisi itatu. Itariki nshasha amatora azoberako ni 30 z’ukwezi kwa 12. Impamvu nyamukuru yatumye itariki rihindugwa, nibikogwa bijanye no gutegura ayo matora.

Umugwi wa reta ujejwe amatora ukaba uriko uragira ukwo ushoboye kwose kugira witegurire neza ayo matora abantu benshi bizera ko azogarura amahoro n’umutekano..

Imisi itanu yonyene imbere y’uko amatora yari ategekanije kuba, niho amakarata yo gutora yashitse mukigwati ca Boeing hafi y’ikibuga c’indege kumugwa mukuru i Bangui.

Andre Gamtan ajejwe ibiro vy’amatora, avuga ati: turiko turagerageza gutondeka amakarata yose dukurikije buri rudome. Yongeraho ati, yamara bifata umwanya muremure cane kuko abakozi benshi batazi gusoma n’ukwandika.

XS
SM
MD
LG