Uko wahagera

Ubuhindi na Pakistani mu Kunoza Umubano


Ba Ministri b'intebe Narendra Modi w'ubuhindi na Nawaz Sharif wa Pakisitani bari mu nama i Lahore muri Pakisitani

Ba Ministri b'intebe Narendra Modi w'ubuhindi na Nawaz Sharif wa Pakisitani bari mu nama i Lahore muri Pakisitani

Umushikiranganji wa mbere w’igihugu c’Ubuhindi, Narendra Modi yagendeye Pakistani uno musi ku wa gatanu. Mu buryo butunguranye, bubaye ubwa mbere umutegetsi akomeye cane w’Ubuhindi agira urugendo mu gihugu ca Pakistani.

Ari muri Afuganisitani, bwana Narendra Modi yatangaje mu masaha ya kare ko azobonana na Nawaz Sharif,umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Pakistani.

Sharif yakiye Modi ku kibuga c’indege mu gisagara ca Lahore kiri mu buseruko bwa Pakistani. Abo bategetsi babiri baciye binjira mu ndege ya kajugujugu yabajanye mu gisagara Nawaz Sharif avamwo ca Raiwind, hanze gato ya Lahore. Aho kandi ni ho Nawaz Sharif yagirishije ubukwe bw'umwuzukuru we.

Imigenderanire hagati ya Pakistani n’Ubuhindi yaratosekaye kuva igihugu ca Pakistani gitandukanye n’Ubuhindi mu mwaka w’1947, igihe vyompi vyikukira ku gihugu c’Ubwongereza.

XS
SM
MD
LG