Uko wahagera

UNICEF: Inzara Izahitana Abana Benshi muri Afurika


Ishami ry’ishirahamwe mpuzamakmungu ONU ryitaho abana, UNICEF, rimenyesha ko ikibazo c’umvura n’ubushuhe butera bwiyongera biriko bituma abana ibihumbi amajana n’amajana bashobora kugeramirwa n’inzara hamwe n’indwara mu turere two mu buseruko n’ubumanuko bwa Afrika.

Bimwe mu bihugu vyo mu karere ko mu buseruko no mu karere ko mu bumanuko bwa Afrika, bimaze igihe bironka imvura nkeyi canke ata na nkeyi bironka.

Ishirahamwe UNICEF rimenyesha ukubaho neza kw’abana ibihumbi amajana n’amajana kwari gusanzwe kugeramiwe n’ukubura kw’ibifungurwa bishobora kwiyongera kubera ikibazo c’imvura n’ubushuhe.

Akarorero, iryo shirahamwe rivuga kw’abana barenga imiliyoni cumi mu gihugu ca Ethiopia basinzikajwe n’ikigoyi, ico gitigiri kikaba gishobora kwiyongera mu gushika ku miliyoni cumi na zitanu mu mwaka w’2016.

Ishirahamwe UNICEF rivuga ko abana ibihumbi amajana atatu na mirongo itanu bashobora kuBera kuvurwa mu mwaka uza kubera kubera ugufungura nabi bikomeye.

Ishirahamwe UNICEF rivuga ko ikibazo c’ibifungurwa kigeramiye abantu bagera ku bihumbi amajana umunani na mirongo itanu na batanu muri Somalia, igitigiri c’abantu badafise ibifungurwa bihagije muri Zimbabwe kikaba citezwe kwiyongera incuro zitatu hagati y’ukwezi kwa mbere n’ukwezi kwa gatatu .

Ishirahamwe UNICEF rivuga ko ritewe amakenga cane cane n’ibitigiri biri hejuru vy’ugufungura nabi ku bana mu gihugu ca Malawi.

Iryo shirahamwe rimenyesha ritewe impungenge cane n’ikibazo c’inzara muri Malawi aho hafi y’igice c’abana muri ico gihugu basanzwe bafungura nabi, kandi igihugu ca Malawi kigeramiwe n’ingaruka z’uruzuba.

XS
SM
MD
LG