Uko wahagera

Ikamyo yari itwaye umwuka wa gaz mu gihugu ca Nijeriya, yarishe abantu batari bake, abandi batari bake barakomereka.

Hari amakuru avuga ko abantu barenga ijana bapfuye, mu gihe abandi bavuga ko igitigiri c’abapfuye kiri musi yaho cane.

Umuriro waradutse ku musi wa kane mu kibanza gihingura gaz mu gisagara ca Nnewi, mu ntara ya Anambra, igihe ikamyo yari itwaye gaz yaturika inyuma yuko iyo kamyo ipakuruye ivyo yari itwaye.

Abantu bahitanwe n'iyo mpanuka bari ku murongo barindiye kwuzuza gaz mu bikoresho bya gaz y’uguteka. Abakomeretse bajanywe mu bitaro mu gisagara ca Nnewi. Uwo muriro wamaze amasaha atari make waka.

XS
SM
MD
LG