Uko wahagera

Burundi: Agashimwe k'Ishirahamwe Impact Hub

  • Frederic Nkundikije

Abahawe agashimwe k'Ishirahamwe Impact Hub

Abahawe agashimwe k'Ishirahamwe Impact Hub

Umurundikazi yararonse agashimwe Impact Hub, mu gihe abandi batatu, baronse agashirukabute, vyatunganijwe n’ishami rya Impact Hub riri i Bujumbura mu Burundi.

Ishirahamwe Impact Hub risanzwe rikorera mu bihugu 86, ryiyemeje gufata mu mugongo abantu bose bafise imigambi hamwe n’ivyiyumviro vyiza vyo kwiteza imbere hamwe no guteza imbere abandi.

Mu Burundi, iryo shirahamwe riri mu bikorwa vyaryo vyo mu ntango, aho ryashoboye gufasha abatari bake mu gushira mu ngiro ivyiyumviro vyavyo hamwe n’iyindi migambi y’ingirakamaro.

Mu kiganiro, Murisanga co kw'Ijwi ry'Amerika, umunyamakuru Frederic Nkundikije yaganiye n'urongoye iryo shirahamwe mu Burundi n'abahawe agashimwe n'agashirukabute.

XS
SM
MD
LG