Uko wahagera

ONU Ishyigikiye Leta y'ubumwe ya Libiya


Inama ya ONU ijejwe umutekano imenyesha ko ishigikiye reta nshasha y’Ubumwe ya Libiya yemeranijwe mundwi irangiye n’abashamiranye kandi isaba ibihugu vyose bigize inama ya ONU kuyishigikira atanumwe avuyemwo.

Iyo nama yasavye umukuru yagenwe ngo arongore inama y’igihugu ya Libiya gushinga reta mu misi itarenze miringo itatu, atibagiye no gutunganya urwego rumucungerera umutekano.

Ibrahim Dabbashi, aserukira Libiya muri ONU yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abanyamerika "Associated Press" ko ONU yar’ikwiye gukuraho ibihano yafatiye Libiya kubijanye n’ibirwanisho. Ivyo vyofashalibiya kurwanya Umuhari wa Etat Islamique kitarinze kurindira ibitero vy’urunani rw’inteko mvamakungu, abandanya abivuga.

Inama ya ONU ijejwe umutekano yarateye kandi ivyatsi ibikorwa vyose vy’iterabwoba bigirwa n’umuhari wa Etat Islamique n’abawushigikiye kandi imenyesha ko irajwe ishinga n’ukuntu ubuzima bw’abantu burushiriza guhungabana. Iyo nama isaba kandi reta nshasha igiye gushingwa guha umwanya abagore munzego zifata ingingo mugihe Libiya kigiye kwinjira mu ntwaro ya demokararasi.

Igihugu ca Libiya cinjiye mu ruhagarara rwa politiki kuva aho Muammar Kadhafi yiciwe mu mwaka w’ 2011

XS
SM
MD
LG