Uko wahagera

Centrafurika: Amatora Yasubitswe


De
De

Amatora y’umukuru w’igihugu n’ay’abashingamateka mugihugu ca Centrafurika yari ategekanijwe ejobudi ku cyumweru azakorwa ku musi wa gatatu ku italiki ya 30/12/2015.

Aho n’inyuma yaho umugwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora umenyeshereje ejo kuwa gatatu ko umwanya usigaye kugira amatora abe ari muto ugereranijwe n’ibikorwa bisigaye gukorwa.

Umurwi utunganya amatora umenyesha ko Imiliyoni z’abanyagihugu aribo biyandikishije kuzotora. Benshi mur’abo baramaze kuronswa ikarata z’amatora. Udusandugu two gutoreramwo tuzoshika mur’iyi ndwi mu nyuma hafatwe umwanya wo kudukwiragiza mugihugu, ivyo bishobora gutuma umwanya uba muto.

Abanyagihugu bafise ubwoba ko naho amatora yoba kugihe, azoba mu mutekano muke mugihe umurwi witwaje ibirwanisho wirukanye Perezida Francois Bozize mu mwaka w’2013 ukiri kumurwa mukuru Bangui.

XS
SM
MD
LG