Uko wahagera

Mu Bushinwa: Harokotse 1 Inyuma y'Isenyuka ry'Umusozi


Umukozi w'imyaka 19 bamutwaye ku nderuzo mu gisagara ca Shenzhen, mu ntara ya Guangdong mu Bushinwa
Umukozi w'imyaka 19 bamutwaye ku nderuzo mu gisagara ca Shenzhen, mu ntara ya Guangdong mu Bushinwa

Tian Zeming, umukozi w’imyaka 19 yaratabawe ari muzima mu gukurwa mu bisigarira vy’umusozi wasenyutse uhitana ikibanza kirimwo amahinguriro mu bumanuko bw’igihugu c’Ubushinwa ku musi w’Imana.

Abategetsi bavuga ko Tian Zeming, yatabawe mu masaha ya kare yo mu gitondo co ku musi wa gatatu, mu kibanza kirimwo amahinguriro mu gisagara ca Shenzhen, mu ntara ya Guangdong, akaba yajanywe mu bitaro vyo hafi yaho, aho ubuzima bwiwe butageramiwe.

Imirwi y’abajejwe gutabara yarashoboye gutabara uwundi muntu yari mu bisigarira amusi ya Tian Zeming yamara inyuma yaho yaritavye Imana. Ikindi kiziga carakuwe ku musi wa kabiri mu bisigarira vy’ivyasambuwe n’isenyuka ry’umusozi mu gisagara ca Shenzhen ku musi w’Imana urangiye.

Abakozi bajejwe gutabara bariko bakora bataruhuka kugira batore aboba barokotse kw’isenyuka ry’uwo musozi, ryabaye igihe amazi akomeye yarimwo viyondo yaca mu kibanza kirimwo amahinguriro ca Shenzhen, asambura canke yonona inyubakwa mirongo itatu na zitatu, harimwo amahinguriro cumi n’ane n’inyubakwa z’uburaro zitatu. Irengero ry’abantu barenga mirongo irindwi rivurwa ko ritaramenyekana

XS
SM
MD
LG