Uko wahagera

HRW: Ni Ihurizo Kuba nta Muntu wa FPR Washinjwe Arusha


Human rights watch logo
Human rights watch logo

Ishirahamwe riharanira agateka ka muntu rifise icicaro muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Human Rights Watch, rivuga kw’amareta y’ibihugu vyo kw’isi ategerezwa kwongereza utwigoro twayo tw’ugushira imbere y’intahe abantu basigaye bagirizwa ihonyabwoko ryo mu Rwanda. Sentare mpuzamakungu mpanavyaha yashiriweho Urwanda izokwugara burundu ibikorwa vyayo mu mpera z’umwaka.

Ivyo ishirahamwe Human Rights Watch ryabitangaje uno musi ku wa gatatu, mu kuvuga ko sentare mpuzamakungu mpanavyaha yashiriweho Urwanda yashitse ku bintu bikomeye bizorabirwako ku bijanye n’amategeko mpuzamakungu mpanavyaha, kandi iyo sentare yabereye akarorero sentare mpuzamakungu mpanavyaha y’i La Haye.

Ishirahamwe, Human Rights Watch ritangaza ko sentare mpuzamakungu yashiriweho Urwanda, yashizweho n’urwego rw’ishirahamwe mpuzamakungu rujejwe kwubahiriza umutekano kw’isi mu mwaka w’1994, yegetse ivyaha aku bantu mirongo icenda na batatu, isomera imanza abantu mirongo itandatu n’umwe, mu gihe yambitse izera abantu cumi na bane.

Ishirahamwe Human Rights Watch rimenyesha ko sentare mpuzamakungu mpanavayaha yashiriweho Urwanda yafashije bikomeye mu gushira ahabona ukuri ku vyabaye mu Rwanda, n’uguha ubutungane abazinzikajwe n’ubwicanyi.

Yamara ishirahamwe riharanira agateka ka muntu, Human Rights Watch riranebagura iyo sentare kuba itakwirikiranye bamwe mu bari mu murwi warwanya ubutegetsi, FPR Inkotanyi wahagaritse ihonyabwoko.

Iryo shirahamwe ryagiriza FPR kuba yishe Abahutu ibihumbi n’ibihumbi igihe yafata ubutegetsi mu Rwanda, mu kuvuga ko ata munywanyi n’umwe wa FPR, yakwirikiranywe na sentare mpuzamakungu mpanavyaha yashiriweho u Rwanda.

XS
SM
MD
LG