Uko wahagera

Mu gihugu ca Djibouti, abategetsi baharanira inyungu z’abatavuga rumwe na reta, batangaje kw’abantu bashika 19 bishwe.

Ico gitero cabaye ejo ku musi wa mbere, igihe abajejwe umutekano barasa ku bantu bari bakoraniye mu gisabisho, ku murwa mukuru.

Abantu bavyiboneye bavuga kw’abasirikare ba reta, barashe abantu bari muri quartier yitwa Balbaba, bariko barasenga bibuka umukuru w’idini, Sheikh Yonis Muse.

Abajejwe umutekano, bateye abo bantu mu gitondo ca kare, nk’isaha cumi n’imwe, baca batangura kubamijagiramwo amasase.

Umumenyeshamakuru w’iradiyo Ijwi rya Amerika akorera mu gisagara ca Djibouti avuga kw’abantu bashika 10 bakomeretse, mu gihe abandi 19 bishwe.

Reta ya Djibouti ivuga kw’abajejwe umutekano barashe inyuma y’aho baterewe n’abantu bitwaje ibigwanisho.

Umushikiranganji w’igihugu ca Djibouti ajejwe intwaro yo hagati yavuze kw’umurwi wateye abajejwe umutekano, washaka guhungabanya umutekano w’igihugu, ngo ubifashijwemwo n’abantu bakoreshwa n’abanyahanga, bama bariko barabahera.

XS
SM
MD
LG