Uko wahagera

Kenya: Abayisilamu Bakingiye Abakirisitu


Umupolisi ariko agenduza ikibanza imodoka yaturikiyemwo
Umupolisi ariko agenduza ikibanza imodoka yaturikiyemwo

Abasilamu b’abanyaKenya bari mu rugendo mu mudoka ya bisi yaguye mu mutego w’intagondwa z’abaislamiste bitwaje ibigwanishop, barakingiye abakristu bari kumwe mur’iyo bisi, mu kwanka amategeko bariko bahabwa n’izo ntagondwa, zariko zisaba kw’abaislamu bivangura n’abaKristu.

Abantu babiri barasize ubuzima mur’ico gitero cabereye muri komine yo mu gihugu ca Kenya yitwa Mandela, ejo ku musi wa mbere, igihe abantu bitwaje ibigwanisho bikekwa kw’arabagwanyi bo mu muhari Al- Shabab, barasa kur’iyo bisi.

Abantu bavyiboneye bavuga kw’abaislamu bari mur’iyo bisi, bahaye abaKristu ibitambara vyo ku mutwe kugira ntibamenyekane kw’arabakristu, igihe iyo modoka ya bisi yahagarikwa.

Abo bayisilamu babigenjeje gurtyo kuko bibuka ikindi gitero nk’ico cabaye mur’iyo ntara nyene mu mwaka uheze, igihe umurwi w’abagwanyi Al-Shabab, wica abantu 28 atar’abakristu, bari mu modoka ya bisi.

Abategetsi bo mur’iyo komine bavuga kw’abo bagizi ba nabi bateye iyo bisi bategetse abari muriyo kwivangura mu mirwi ibiri; abaislamu hamwe n’abatar’abaislamu. Yamara abo bantu bose baranse ayo mategeko, maze babwira abo bagizi ba nabi, ko bopfuma bicwa, aho kwivangura.

Abo bantu bitwaje ibigwanisho bahavuye bagenda, inyuma y’aho izo ngenzi zari muri bisi, ziyamiririje amategeko y’izo ntagondwa z’abaislamiste.

XS
SM
MD
LG