Uko wahagera

Amerika Yakuye Uburundi Muri AGOA

Bujumbura, Burundi
Bujumbura, Burundi

Ingingo ya President wa Reta zunze ubumwe za amerika inomero 7970 yo kw’igenekerezo rya 22 ry’ukwezi kwa 12 mu mwaka w’2005, yari yashize Uburundi ku rutonde rw’ibihugu vyo muri afrika yo musi ya Sahara, bishobora kugura no gushora ibidandanzwa muri Reta zunze ubumwe za amerika, ata matagisi birinze kuriha.

Ikigabane ca 506 c’itegeko rya reta zunze ubumwe za amerika ryo mu 1974, kiraha uburenganzira president wa reta zunze ubumwe za amerika bwo guhagarika ubwo burenganzira hamwe no gukura igihugu ku ruronde rw’ibihugu, bifise uburenganzira bwo kugura no gushora ibibandazwa muri amerika ata matagisi bitanze, mu gihe President abonye kw’igihugu kitariko kirakora ibikenewe kugira ngo kigume kur’urwo tutonde.

President Barack Obama yagize rero ati: Nisunze ikigabane ca 506 co mur’iryo tegeko ryo mu 1974, nafashe ingingo ivuga kw’Uburundi butabandanije kugira intambwe nk’uko ico kigabane ca 506 kibivuga. Ati nico gituma rero nafashe ingingo yo gukura Uburundi ku rutonde rw’ibihugu vyo muri Afrika yo musi ya sahara, bifise amahirwe yo kugura no gushobora ibidandazwa muri Reta zunze ubumwe za amerika ata matagisi arinze gutangwa, muri ya programe bita AGOA. Iyo ngingo izotangura gushirwa mu ngiro kuva kw’itariki ya mbere y’umwaka w’2016

XS
SM
MD
LG