Uko wahagera

Ingabo 5000 Zishobora Koherezwa mu Burundi


Soldiers from 22 African nations join exercises as part of the African Union's African Standby Force (ASF) at the South Africa National Defense Force's Lohatla training area, Oct. 27, 2015.
Soldiers from 22 African nations join exercises as part of the African Union's African Standby Force (ASF) at the South Africa National Defense Force's Lohatla training area, Oct. 27, 2015.

Umuryango w’Ubumwe bwa Afurika ejo kuwa gatanu warasohoye itegeko rirungika inteko zija gucungera umutekano mu Burundi.Umuryango w'Afurika Yiyunzubumwe wahaye reta y’Uburundi kugeza kuwa kabiri, tariki ya 22 y'ukwa 12, 2015 ikaba yemeye izo nteko.

Mw’itangazo ryasohowe n’akanama kajejwe amahoro n’umutekano k’Ubumwe bwa Afrika ejo kuwa gatanu, rivuga ko izo nteko zizoba zigizwe n’abasirikare hamwe n’abapolisi barenga 5000.

Bazoba bararungikwa mu kiringo cambere c’amezi atandatu. Akanama kajejwe amahoro n’umutekano k’ubumwe bwa Afurika karateye ivyatsi ubwicanyi bwabaye mu Burundi, harimwo n’ibitero vyagabwe ku makambi ya gisirikare vyahitanye abantu 87.

Iryo tangazo rivuga ko Ubumwe bwa Afrika butazemera ko Uburundi bwinjira mu bwicanyi kivunga bushobora gutandukira akarere kose. Reta y'Uburundi niyigeze ivuga ko itipfuza inteko zicungera amahoro, iryo tangazo ribandanya rivuga.

XS
SM
MD
LG