Uko wahagera

Amerika Yafatiye Abandi Barundi Bane Ibihano


Reta zunzubumwe za Amerika yafatiye ibihano abandi barundi bane kuruhara bagirizwa kuba baragize mu kubangamira amahoro n’umutekano mu Burundi. Mu rwandiko yasohoye ejo kuwa gatanu italiki 18/12/2015, Amerika imenyesha ko ihangayikishijwe n’ubwicanyi buri mu Burundi.

Igitigiri c’abarundi bafatiwe ibihano na Reta zunzubumwe za Amerika kuruhara mubiriko biraba mu Burundi gishitse kubantu umunani. Amazina y’abantu bane bashasha bafatiwe ibihano ni Gervais Ndirakobuca ni umuyobozi mukuru mu bushikiranganji bw’umutekano mu Burundi.Yagirizwa gukorana n’inzego z’umutekano z’uburundi mu kuzivya abiyamirije ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu.

Yagirizwa kandi kwisunga akajagari mu gihugu mu kubiba urwanko mu bashamiranye mu Burundi atunganya imirwi ishigikira Perezida Nkurunziza n’intwaro yiwe.Leonard Ngendakumana n’umwe mubo mu nzego z’umutekano yagirizwa kugira uruhara mu gushaka gutembagaza reta y’Uburundi mu kwezi kwa gatanu umwaka w’2015.

Inyuma yaho ivyo gutembagaza reta biburijwemwo Leonard Ngendakumana yabandanije akorana na Godefroid Niyombare ari kumutwe w’abashatse gufata ubutegetsi mu kurongora abatavugarumwe na reta kurwanya reta ya Nkurunziza.

Abo yari arongoye bagirizwa gutera ama grenades mu gisagara ca Bujumbura harimwo n’ayaterwa abapolisi no ku biro vy’amatora. Imirwi yiwe niyo yagirizwa gutana mu mitwe n’nteko z’umutekano z’Uburundi mu rugazi hafi y’umupaka w’Urwanda mu kwezi kw’indwi.

Joseph Mathias Niyonzima yararongoye atako atanga imfashanyo ku mbonerakure zagirizwa guhagarika o guhohotera abikekwa kuba badashigikiye reta ya Nkurunziza. Yagirizwa kandi kugira uruhara mu bategura ubwicanyi bw’indongozi z’abatavugarumwe na reta.

Alexis Sinduhije yagirizwa gushigikira abatera reta y’Uburundi. Niwe yarondera abaja mu mirwi itera reta akabaha imyimenyerezo ya gisirikare. Alexis Sinduhije yagirizwa kuba indongozi ya gisirikare y’imirwi irwanya reta. Alexis Sinduhije ari mubategura kugandagura abategetsi b’igihugu kandi yabandanije gutegura ibitero bigana abari mu butegetsi.

Ibihano abo bantu bafatiwe nuko ubutunzi bwabo bafitiye kubutaka bwa Reta zunzubumwe za Amerika canke bugenzurwa n’abandi bantu babo baba muri Amerika burahagaritswe.

Umunyagihugu wese ari muri Leta zunze ubumwe z'Amerika ntakwiye kugira ikintu akorana n’abo bantu. Amerika imenyesha kandi ko izobandanya gufata ibihano kur’abo bose bizogaragara ko bahohotera agateka ka muntu no guhungabanya umutekano mu Burundi.

Ibikorwa vyose bizokorwa mu ntumbero yo guhamagarira abantu mu bwicanyi, canke guha imfashanyo uri hanze y’igihugu imirwi yitwaje ibirwanisho ntibizigera vyhanganirwa. Uwuzofasha abantu basanzwe barafatiwe ibihano nawe nyene azofatirwa ibihano.

Reta zunzubumwe za Amerika zihamagarira abategetsi bo mu karere kugira amatohozwa yuzuye kuma raporo atangwa yuko hari abarundi bari mu makambi y’impunzi bariko binjizwa mu mirwi y’abarwanyi. Abaha imfasahanyo imirwi y’abarundi bitwaje ibirwanisho nabo nyene bakwiye kugirwako amatohozwa.

Abategetsi ba Reta zunzubumwe za Amerika bazobandanya bashigikira indongozi zo mu karere mu biganiro vy’amahoro birongowe n’amakungu. Reta zunzbumwe za Amerika isaba Prezida Pierre Nkurunziza, reta yiwe n’abatavugarumwe nawe guhagarika ubwicanyi baje mu biganiro atawe bikumira.

igihugu cy'Amerika kiriteguye gushigikira Umuryango w'Ubumwe bwa Afrika n’akarere mu ntambwe zose zizofatwa. Izo ntambwe zirimwo kurungika inteko zizoja gufasha kugira ntihabe ubundi bwicanyi kandi zifashe mu gutora inyishu ya politike ku ruhagarara ruri mu Burundi.

XS
SM
MD
LG