Uko wahagera

Umunyamwema Yaragandaguwe i Bujumbura


Umunyamwema w’imyaka 47 yaragandaguwe arashwe mw’ijoro ryo kur’uyu wa kabiri ku mutumba wa Muyira, muri komine kanyosha y’intara ya Bujumbura. Uwurongoye umutumba wa Muyira asaba abo arongoye gutahuka hakiri kare kuko bimaze kwibonekeza ko abitwaje ibigwanisho bikinga agahumbezi kugira bice abantu.

Girukwishaka Augustin niwe mu nyamwema yishwe arashwe n’abantu batamenyekanye, mw’ijoro ryo kur’uyu wa kabiri ku mutumba wa Muyira. Ababa hafi y’aho yarasiwe ariko arataha ku rugo iwe bavuga ko amasasu yahitanye uwo mugabo yumvikanye igihe c’isaha imwe y’ijoro zirenga iminota 45.

Ndikubagabo Bonaventure mukuru w’uwo yaraye yatswe ubuzima, umubabaro ni mwinshi kubona uwabo agandagurwa ata ruhara na rumwe afise mu biriko biraba mu Burundi. Ikindi kibabaza umuryango wa GIirukwishaka Augustin n’ingene bamuherutse mu gitondo co kur’uyu wa kabiri, bakaza kumenya ko yaraye agandaguwe mu gitondo c’uno wa gatatu.

Uwo mu nyamwema yaraye yishwe yar’asanzwe ari umunywanyi w’ishirahamwe ry’abanyamwema batagira imbibe, Albinos Sans Frontières. Girukwishaka Bonaventure umwe mu banyamwema twasanze ku rugo rw’umuhisi umubabaro wari wose. Ababazwa n’ingene abantu baguma bakwa ubuzima, n’abanyamwema barimwo.

Mu ntwaro yo hasi ngaho ku Muyira, bwari bwapfutse umunwa. Uwurongoye umutumba wa Muyira twasanze ku rugo rw’uwo yaraye yishwe , twamubajije ko baraca n’ikanda abitwaje ibigwanisho bica abanyagihugu ngaho ku Muyira. Nurwintara Damas arongoye umutumba wa Muyira yatwishuye ko batanga ivyegeranyo ku babakurira mu ntwaro no mu nyamiramabi kugira bakore amatohoza ; ariko batarashira ahabona icayavuyemwo. Uwo mukuru w’umutumba wa Muyira atera akamo abo arongoye gutahuka kare, kuko abategera abo bagandagura bikinga agahumbezi.

Uwo mu nyamwema yaraye yishwe abaye umuntu agira gatanu agandaguwe n’abitwaje ibigwanisho mu kiringo c’amezi atatu muri zone ya Muyira .

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:02 0:00

XS
SM
MD
LG