Uko wahagera

Uburundi Bwakugwa mu Kanama Kagateka ka ONU


Freedom House Report 2015
Freedom House Report 2015

Ikigo cigenga c’Abanyamerika Freedom House gisaba ko Uburudi bwokurwa mu murwi wa ONU uharanira agateka ka zina muntu.

Iki kigo gikorera i Washington, DC, giharanira demokarasi, ukwishira n’ukwizana kimwe n’agateka ka zina muntu kw’isi.

Ico kigo kigira kiti, mugihe Igihugu c’uburundi cimirije kuja mu mugwi w’ibihugu bigize akanama k’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kajejwe agateka ka zina muntu mu kiringo c’imyaka itatu guhera itariki 1, z’ukwezi kwa mbere 2016, Uburundi bukwiye guhagarikwa ivyagateganyo, hako bwemeregwa icese kuja mukagwi ka ONU kajejwe guhagarika agateka ka zina muntu.

Ibyo bitewe nuko ihonyanga ry’agateka ka muntu rigigwa na reta ya Perezida Pierre Nkurunziza”. Ivyo vyashikirijwe na Mark P. Lagon umuyobozi mukuru w'ikigo Freedom House.

Bwana Lagon avuga ati: "Guhagarika Uburundi mu bikogwa vya ONU bijejwe guharanira agateka ka muntu nkuko vyakozwe ku gihugu ca Libiya mu 2011, bitanga ubutumwa bukomeye kuri reta, buvuga ko ubwicanyi bugigwa na reta butemewe na gato.

Ku bwa Freedom House, ivyo vyofasha kuremera reta kugira ije mubiganiro bihagarikiwe n’amakungu kubutaka butari Uburundi.

Freedom House ivuga ko ishigikiye kandi inama idasanzwe y’ako kanama ka ONU kajejwe agateka ka muntu igamije kuba kuri uyu wa kane, n’umugambi wako kanama wo kurungika abahinga kugira amatohoza mu kwezi kwa mbere mu Burundi.

XS
SM
MD
LG