Uko wahagera

USA: Impaka Hagati y'Abakandida b'Abarepubulika


Abakandida bo mu mugambwe w’abarepublika muri Reta zunzubumwe za Amerika biyamamariza ikibanza c’umukuru w’igihugu bashikirije imigambi bafitiye abanyamerika n’ingene botorera inyishu ibibazo bihanze Amerika mugihe bokwizerwa bagatorwa.

Ibibazo vyisunzwe mur’ibi biganiro bibaye ku ncuro ya gatanu bigizwe n’ibibazo vy’umutekano mu gihugu hamwe n’ibibazo vy’iterabwoba mpuzamakungu.
Uko gutana mu mitwe mu vyiyumviro byabereye mu gisagara ca Las Vegas, kiri muri reta ya Nevada kuwa kabiri tariki ya 15 y'ukwa cumi nabiri mu 2015.

Ni mugihe hasigaye amezi abiri gusa ngo hakorane inama y’abo mur’uwo mugambwe izohitamwo abakandida babona ko bashobora guha intsinzi uwo mugambwe.

XS
SM
MD
LG