Uko wahagera

Ibitero n’Ubwicanyi Byaroha u Burundi mu Manga


Uruhagarara rwa politike mu Burundi
Uruhagarara rwa politike mu Burundi

Mur'iki gihe abarundi bose bari biteze ibiganiro bihuza abarundi, ibara ryarasubiye kugwa mu Burundi.

Mu bucagucagu ku musi wa gatanu, abantu bitwaje ibigwanisho barateye amakampi ya gisirikare atatu ari ku murwa mukuru Bujumbura: ikampi ya Muha ISCAM hamwe n'ikampi ya Ngagara. Inzego z'igisilikare zatangaje kw'abantu barenga 87 bishwe.

Abantu benshi baribaza igituma amaraso ya bene Burundi abandanya guseseka, bakanibaza niba Imana yarahevye abarundi n'Uburundi.
Mbega ikintu cotuma abarundi basubira gukubitiza agatima mpembero bakibuka ko kwicana bitigera bigirira inyungu umuntu n'umwe n'ikihe?
Mbega icokorwa kugira ngo Abarundi bagarukane umutima wo gutorera inyishu ibintu batumvikanako biciye mu biyago, n'ikihe?

Umutima wo gukunda igihugu n'abanyagihugu baco wogaruka gute? Mbega ikintu cotuma Abarundi bafatana mu nda, bakumva ko kugendera ubumwe hamwe n’ urukundo ariyo nzira izotuma, biteza imbere, n'ikihe?

Ni mu kiganiro Murisanga kw'Ijwi ry'Amerika, cyayobowe n'umumenyeshamakuru Frederic Nkundikije.

please wait

No media source currently available

0:00 0:58:34 0:00

XS
SM
MD
LG