Uko wahagera

Burundi: Uburayi Bwiteguye Kwishyura Ibiganiro


Umutegetsi mukuru w'umuryango w'ubumwe bw'Ubulayi, ku bibazo bijanye n'imigenderanire n'umutekano,Federica Mogherini
Umutegetsi mukuru w'umuryango w'ubumwe bw'Ubulayi, ku bibazo bijanye n'imigenderanire n'umutekano,Federica Mogherini

Umuryango w’ubumwe bw’Ubulayi witeguye gutanga amafranga yakoreshwa mu biganiro hagati y'Abarundi, inyuma y’ibitero vyagizwe ku makambi y’igisirikare mu Burundi ku musi wa gatanu w’indwi irangiye.

Mw'itangazo, abaserukira umuryango w’ubumwe bw’Ubulayi mu Burundi bavuga ko abagize ivyo bitero n’abagize ubwo bwicanyi bomenyekana kugirango bishure ku vyo bakoze.

Bamenyesha ukugene ibintu biriko bitera bimera nabi kurushiriza mu Burundi bisaba ifatwa ry’ingingo zikomeye.

Abaserukira umuryango w’ubumwe bw’Ubulayi basaba ubwa mbere na mbere gutangura ibiganiro bihuza Abarundi bihagarikiwe n’igihugu ca Uganda kibifashijwemwo n’umuryango w’ubumwe bwa Afrika.

Umuryango w’ubumwe bw’Ubuyali, uvugtanye n’abategetsi b’igihugu ca Uganda n’umuryango w’ubumwe bwa Afrika, bafashe ingingo y’ugutanga intererano y’amafranga izotuma ivyo biganiro bitangura bidatevye.

Impande zose mu Burundi zitegerezwa kwishura kuri ubwo butumire kandi zikiyamiriza ubwicanyi ubwaribwo bwose.

Urwego rw’ishirahamwe O-N-U rujejwe kwubahiriza umutekano kw’isi n’urwego rujejwe amahoro ry’umuryango w’ubumwe bwa Afrika birakwirikiranira hafi ibibera mu Burundi.

Ingingo y’izo nzego ikaba ikenewe cane kugira bitume abandi bantu batabandanya gutakaza ubuzima bwabo, n’akarere kataka umuriro.

Muri ico gihe umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta zunze Ubumwe za Amerika, John Kerry asaba impande zose mu Burundi guhagarika ubwicanyi, ahubwo zigatangura ibiganiro bigenewe guhagarika uruhagarara n’ubwicanyi bumaze amazi n’amezi mu Burundi.

Bwana John Kerry avuga kw’ubwicanyi butegerezwa guhagarara, harimwo inguvu z’umurengero zikoreshwa n’inteko zijejwe umutekano.

Imbere yaho, ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Amerika, bwasavye Abanyamerika kwirinda kuja mu Burundi, bakaba basavye abasanzwe bari mu Burundi kuvayo mu buryo bwihuta bushoboka mu gihe ubwicanyi bubadanya mu Burundi.

Ishirahamwe rijejwe gutabara rikorera i Washington, Refugees International, ryatangaje uno musi ku wa mbere ko ritewe impungenge n’ibivurwa n’impunzi z’Abarundi ziri mu Rwanda vyuko zinjijwe mu gisirikare n’imirwi yitwaje ibirwanisho.

Raporo ya Refugees International, ivuga ko utwigoro tw’ukwinjira izo mpunzi mu gisirikare tubera mw’ikambi ya Mahama.

Iyo raporo ivuga ko abanka kuja muri iyo mirwi yitwaje ibirwanisho batotezwa.

Ishirahamwe, Refugees International risaba Reta Y’Urwanda kubona kw’ibikorwa ivyarivyo vyose vy’ukwinjiza impunzi mu gisirikare bihagaraye bidatveye n’ukwemeza icese kw’ibikorwa nkivyo biciye kubiri n’amategeko y’igihugu hamwe n’amategeko mpuzamakungu.

Ishirahamwe Refugees international rishaka kandi ishirahamwe O-N-U n’umuryango w’ubumwe bwa Afrika gufatira ibihano uwariwe wese arenga kuri ayo mategeko mpuzamakungu ku bijanye n’impunzi.

XS
SM
MD
LG