Uko wahagera

Burundi: Abantu 87 Barishwe i Bujumbura


Abantu batwaye umurambo wabonetse mu Nyakabiga

Abantu batwaye umurambo wabonetse mu Nyakabiga

Inzego z'igisilikari z'u Burundi zitangazako abantu 87 harimwo abasirikare bane n'abapolisi bane baguye mu ntambara zahuje abantu bitwaje ibigwanisho n'abashinzwe umutekano mu gihugu. Abo bantu bari bateye amakambi ya gisirikare mw'ijoro ryo kuwa kane no kuruyu wa gatanu ku murango

Mu kiganiro abamenyeshamakuru batemerewe kubaza ibibazo bagasomerwa itangazo, umuvugizi w’igisirikare c’u Burundi yavuze muri rusangi ko abateye makambi ya gisirikare ku Musaga na Ngagara ku mugwa mukuru Bujumbura n’i Mujejuru muri komine Mugongomanga mu ntara ya Bujumbura barenga gato 150 ico bita « compagnie renforcée » mu mvugo ya gisirikare.

Umuvugizi w’igisirikare c’u Burundi yanavuze ko bamwe mubari bateye baciye bahungira mu bindi bice vy’igisagara ca Bujumbura ahabajejwe umutekano babakurikiye. Aho mu Nyakabiga, mu gatondo ko kuruyu wa gatandatu hari ibiziga birenga mirongo ibiri vy’abantu b’abagabo gusa. Nka bose bari abakiri bato. Bamwe mubabuze bavuga ko ababo baguye mu mporero.

Igisirikare c’u Burundi kirashimira abasirikare kivuga ko bavyifashemwo neza bakavugutira umuti ukwiriye abari bateye kikanashimira abanyagihugu bemeye gufashanya naco. Abantu barenga mirongo itanu bafungiwe mw’iperereza ry’u Burundi bagirizwa kuba bari mu bagwanyi bari bateye amakambi canke ko bagize uruhara mu bitero vyagizwe ku makambi ya gsirikare mw’ijoro ryo ku wa kane rishira uwa gatanu w’iyi ndwi.

Kuva hatanguye kwibonekeza umutekano muke ku mugwa mukuru Bujumbura, ribaye iryambere hishwe abantu bangana gutyo ku musi umwe mu bitero vy’abantu bitwaje ibirwanisho.

XS
SM
MD
LG