Uko wahagera

Kameruni. Abasivile Barindwi Barishwe


Abanyanijeriya bari barafashwe na Boko Haram
Abanyanijeriya bari barafashwe na Boko Haram

Abasivile indwi bishwe uno musi ku wa gatanu mu gitero c’umwihevyi mu gice c’igihugu ca Kameruni aho abarwanyi b’umurwi Boko Haram bakorera.

Itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafransa, Agence France Presse, rimenyesha koi co gitero cabereye mu gisagara ca Kolofata, mu buraruko bwa Kameruni. Iki gihugu gikorana na Chad, Benin, Nijeriya na Nijeri mu bikorwa vya gisirikare vy’ukurwanya Boko Haram.

Uyu murwi ukorera mu buraruko bw’igihugu ca Nijeriya yamara waragize ibitero incuro zitari nke muri Kameruni kuva mu mwaka w’2013.

Ku musi wa gatatu, igisirikare ca Kameruni cararonse ibikoresho vy’igisirikare bigenewe kurwanya umurwi Boko Haram bitanzwe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Amerika kandi yararungitse inteko amajana atatu mu karere haraheze amezi abiri.

Mu mwaka uheze Reta Zunze Ubumwe za Amerika zatangaje umurwi Boko Haram kw’ari umurwi w’iterabwoba.

XS
SM
MD
LG