Uko wahagera

Bujumbura: Ikambi Zitatu Za Gisirikare Zaratewe


Amakampi atatau akomeye ya gisirikare yaratewe. Ayo makampi yatewe harimwo ikampi ya Muha, ikampi y'iishuri rikuru rya gisirikare ISCAM hamwe n'ikampi ya Ngagara.

Ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi buvuga kw'abantu 12 bishwe, abashika kuri 20 nabo, barafatwa mu gitondo co ku musi wa gatanu, igenekerezo rya 11 ry'uku kwezi, mu gisagara ca Bujumbura.

Ivyo vyashikirijwe na Colonel Gaspard BARATUZA avugira igisirikare c’Uburundi, akaba yemeza ko ku ruhande rw’abasirikare hakomeretse batanu.

Ku biraro vy’inzuzi zica mu gisagara ca Bujumbura hari abasirikare n’abapolisi benshi. Nta murimo n’umwe waranguwe hagati mu gisagara ca Bujumbura kuko ata muntu n’umwe yar’afise uburenganzira bwo gushikayo. Hibonekeza gusa imodokari z ‘igisirikare n’igipolisi.

Gushika igihe c’isaha zitanu zo ku musase wo ku musi wa gatanu, amasasu yar’acumvikana mu duce tumwe tumwe twa zone Musaga.

Umuvugizi w'igisirikare c'Uburundi Gaspard Baratuza,yaravuganye n'Ijwi rya Amerika kuri ico ki

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:29 0:00

XS
SM
MD
LG