Uko wahagera

Amakungu Yarahimbaje Agateka ka Zina Muntu


Umutegetsi mukuru ajejwe agateka ka muntu mw'ishirahamwe, O-N-U, Zeid Ra'ad Al Hussein
Umutegetsi mukuru ajejwe agateka ka muntu mw'ishirahamwe, O-N-U, Zeid Ra'ad Al Hussein

Mu gihe amakungu yahimbaje umusi mpuzamakungu wahariwe agateka ka muntu, ku musi wa kane, umutegetsi mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, ku vyerekeye agateka ka muntu, Zeid Ra’ad Al Hussein, aragabisha kw’ibibazo bikomeye bitari bike bikihari kugira ubwigenge, ubutungane n’amahoro vyubahirizwe kw’isi.

Umusi mpuzamakungu wagenewe agateka ka muntu, n’umusi uhimbaza igihe mu mwaka w’1948 inama nkuru y’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, yemeza amasezerano mpuzamakungu ku vyerekeye agateka ka muntu.

Ayo masezerano n’ayandi masezerano ku vyerekeye agateka ka muntu yakwirikiye, vyaragize uruhara rukomeye mu gutuma agateka ka muntu kubahirizwa kurushiriza.

Umutegetsi mukuru w’ishirahamwe O-N-U ku vyerekeye agateka ka muntu, Zeid Ra’ad Al Hussein, amenyesha ko yamara hakiri ibibazo bitari bike, ngo yamara kwubahiriza ubwigenge bibandanya kuba inkingi y’amahoro, umutekano n’iterambere kuri bose.

XS
SM
MD
LG