Uko wahagera

Rwanda: Ntaganzwa Ukekwaho Jenoside Yafatiwe i Goma


Ladislas Ntaganzwa, umwe mu bantu bikekwa ko bagize uruhara rukomeye mw’ihonyabwoko ryo mu mwaka w’1994 mu Rwanda, yarafashwe muri Republika iharanira Demokrasi ya Congo.

Ishirahamwe mpuzamaiungu O-N-U, rivuga ko Ladislas Ntaganzwa, yahoze ayoboye komini ya Nyakizu, muri perefegitura ya Butare, mu Rwanda, yagirizwa ko yahagarikiye ubwicanyi bwakozwe ku batutsi ibihumbi mirongo ibiri muri Komini ya Nyakizu, yafatiwe muri Kongo, ejo ku musi wa gatatu.

Sentare y’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U yashiriweho u Rwanda, yagirije Ntaganzwa afise imyaka mirongo itanu n’itatu ubwoko bubiri bw’ivyaha vy’ihonyabwoko, n’ubwoko butatu bw’ivyaha bityoza agateka ka muntu.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zatanze agashimwe k’imiliyoni zitanu z’amadolari ku wariwe wese afise amakuru ashobora gutuma Ntaganzwa afatwa.

Ku bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Ntaganzwa yari umwe mu bantu bagize uruhara mu gutegaura ihonyabwoko muri Prefecture ya Butare, mu Rwanda, akaba yarafashije gushiraho, kumenyereza n’uguha amabwirizwa Interahamwe muri Butare.

Kw’italiki 15 z’ukwezi kwa kane, mu mwaka w’1994, Ntaganzwa yategetse abahutu kugandagura Abatutsi bari bari bahungiye kw’isengero yo muri komini Nyakizu.

XS
SM
MD
LG