Uko wahagera

Eagles of Death Metal mu Gitaramo i Paris.


Umurwi w’umuziki wa Rock, Eagles of Death Metal wasubiye musi ku wa kabiri taliki 8 y’ukwezi kwa 12 umwaka wa 2015 mu kibanza kiberamwo ibiteramo vy’umuziki ca Bataclan I Paris ku murwa mukuru w’Ubufransa. Ibi bibaye hafi y’ukwezi inyuma y’uko abaririmvyi b’uwo murwi barokotse igitero c’iterabwoba cahitanye abantu mirongo umunani n’icenda.

Abagize uwo murwi bashize amashurwe hanze y’ico kibanza, cugawe kuva abagira iterabwoba bateye abantu bari mu kibanza ca Bataclan igihe umurwi Eagles of Detah Metal wariko ugirisha igiteramo.

Ibitero vyo kw’italaiki 13 z’ukwezi kw’icumi na rimwe ku murwa mukuru w’Ubufaransa, Paris vyahitanye abantu ijana na mirongo itatu.

Ku musi wa mbere taliki 7 y’ukwezi kwa 12 umwaka wa 2015, abagize umurwi Eagles of Death Metal barifatanije n’umurwi U2 mu giteramo c’umurwi U2 mu kibanza ca AccorHotels I Paris, mu Bufaransa.

Iyi mirwi ibiri y’umuziki yarifatanije mu gucurarangira hamwe ururirimbo rwa Patti Smith rwitwa, “People Have the Power”.

Umurwi w’umuziki wa rock, “Eagles of Death Metal” warashimiye abantu bose kw’isi babandanya kwerekana kw’urukundo, umunezero n’umuziki bizokwama bitsinda iterabwoba n’ububisha.

XS
SM
MD
LG