Uko wahagera

USA: Amerika n'Amakungu Biyamirije Donald Trump


Umukandida w'umu Republika, Donald Trump
Umukandida w'umu Republika, Donald Trump

Umukandida ku mwanya wa Perezida muri Amerika, umunyemari Donald Trump, yahagurukije isi, amaze kuvuga ko Abayislamu boziririzwa kwinjira muri Amerika.

Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza, David Cameron, yavuzeko umugambi wa Donald Trump urimwo amacakubiri, udafasha kandi udatumbereye.

Umuvugizi w’ishami ry’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe impunzi, HCR, ryimurira abantu muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, harimwo abanya Syria b’aba Islamu, yatangaje uno musi ku wa kabiri I Geneve, mu Buswisse, ko atemwe impungenge nuko amajambo ariko akoreshwa mu gikorwa c’ukwiyamamariza amatora muri Amerika biriko bigeramira umugambi w’ukwakira impunzi muri Amerika.

Keysar Trad, ayoboye ishirahamwe ry’ugufatanamunda kw’aba Islamu, mu gihugu ca Australia, rikorera mu gisagara ca Sydney, Islamic Friendship Association of Australia, yatangaje kw’ivyashikirijwe na Trump ari ivy’umuntu yaburaniwe adafise amahirwe y’ugutsinda amatora.

Avuga ko Trump ariko arondera gustinda arondeye kwambika iceyi aba Islamu.

Muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, abatavuga rumwe nawe mu vya politike, bariyamirije umugambi wiwe, abahinga mu vyerekeye amategeko bakaba bavuzeko kuziririza aba Islamu kwinjira muri Amerika vyoba biciye kubiri n’ibwirizwa shingiro.

Jeb Bush, ariko nawe anyene ahiganirwa kugenwa n’umugambwe wiwe w’aba Republika, kugira awuserukire mu matora ya prezida yo mu mwaka w’2016, akaba yigeze kuba Bulamatari w’intara ya Florida, yatangaje ku kibanza ca Twitter, kw’imigambi ya Donald Trump atagira ifatiro.

Uwundi mu Republika ahiganwa na Trump, Senateri wo mu ntara ya Carolina yo mu bumanuko, Lindsey Graham, yavuze kw’umugambi wa Trump w’ukuziririza aba Islamu kwinjira muri Amerika, ataho bihuriye n’imico n’akaranga vya Amerika, amenyesha ko biriko bifasha umwansi w’igihugu, mu gutuma umurwi, Islamic State, winjiza abandi barwanyi.

Umuyobozi w’inama nshingamateka ya Amerika, umu Republika, Paul Ryan, yariyamirije iciyumviro ca Donald Trump, mu kuvuga ko ivyo bitari mu migambi umugambwe w’aba Republika ugenderako, kandi atariwo igihugu kigenderako.

Ibrahim Hooper, umuyobozi w’ishirahamwe rijejwe imigenderanire hagati ya Amerika n’idini rya Islamu, Council on American-Islamic Relations, yatanze inyishu ikomeye ku vyatangajwe na Donald Trump vy’uko aba Islamu boziririzwa kwinjira muri Amerika.

Yavuze ko binjiye mu kiringo kirangwa n’ivyiyumviro vy’igifasciste.

Ngw’ivyo ntibikwiye gutera amakenga aba Islamu b’abanyamerika gusa, ngo bikwiye gutera amakenga Abanyamerika bose ko umukandida w’umu Republika ari imbere y’abandi muri iki gihe, yosohora amajambo y’aba Fasciste nkayo.

Amajambo akomeye atayoza aba Islamu s’ikintu gishasha kuri Trump, yasavye Reta gukwirikirana ibibera mu misigiti, akaba yaranse gusubira ku ciyumviro yashikirije imbere yaho c’ugutororkanya amzina y’aba Islamu agashirwa ku rutonde ruzwi.

Ivyatangajwe na Donald Trump, vy’ukuziririza Aba Islamu muri Amerika vyabaye umusi umwe inyuma yuko Prezida Obama asavye Abanyamerika, mw’ijambo yashikirije igihugu kuri televiziyo, kutageramira Aba Islamu inyuma y’ibitero vy’iterabwoba biherutse kuba.

XS
SM
MD
LG