Uko wahagera

ONU: Ingamba Zikaze Zafatwa ku Burundi


Icegera c'umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe O-N-U, Ivan Šimonović.
Icegera c'umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe O-N-U, Ivan Šimonović.

Umutegetsi mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U ajejwe agateka ka muntu, Ivan Simonovic, avuga kw’ingingo zikomeye zitegerezwa gufatwa mu Burundi kugira bitume hataba ubwicanyi bukomye mu Burundi.

Icegera c’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, ku vyerekeye agateka ka muntu, Ivan Simonovic, arashigikiye akamamo katewe imbere yaho n’ishirahamwe O-N-U, ku vyerekeye gukomeza utwigoro tugenewe gutuma ubundi bwicanyi butaba mu mabarabara y’umurwa mukuru w’Uburundi, Bujumbura.

Simonovic ashaka kw’urwego rw’ishirahamwe O-N-U rujejwe kwubahiriza umutekano kw’isi n’ibihugu bibanyi vy’Uburundi bifata izindi ngingo zikomeye zigenewe gutuma hataba ubundi bwicanyi mu Burundi.

XS
SM
MD
LG