Uko wahagera

Igisata c’Indero Mu Burundi Gifise Intambamyi Nyinshi


Igisata c’indero n’inyigisho mu Burundi gifise intambamyi nyinshi nk’uko bishikirizwa n’umurwi w’abashingamateka wamaho mu namanshingamateka y’Uburundi.

Ikibazo c’ubukene bw’ibitabu mu mashure ni kimwe mu bibazo biraje ishinga ubushikiranganji bw’indero, inyigisho, amakaminuza n’ubushakashatsi. Uko niko umushikiranganji Janvière Ndirahisha yishuye abashingamateka bo mu murwi w’inama nshingamateka wamaho ukurikiranira hafi indero, inyuma y’urugendo waherukamwo mu gihugu hagati.

Kur’ico kibazo c’ibitabu vyaba ivy’abigisha canke ivy’abarerwa Ndirahisha avuga ko Leta yatanze isoko rinini. Uwo mushikiranganji ati mu misi iza ibitabu bizoboneka kugira ni miburiburi buri munyeshure aronswe igitabu ciwe

Abashingamateka bafise amakenga ko bamwe bamwe mu bigisha bishoboka ko bafise impapuro za magendo. Agathon Rwasa icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka ari nawe yar’arongoye ibikorwa vyo kur’uno wa mbere asaba ko hoba rusansuma rw’impapuro z’umutsindo, abigisha bagatanga koko ubumenyi bafise.

Havuzwe kandi n’igipfungu kiri mw’itangwa ry’akazi mu gisata c’indero habanje gutangishwa ibiturire. Umushingamateka azwi kw’izina rya Godeberte asaba ko ivy’itangwa ry’akazi ryoba ku mugaragaro.

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:34 0:00

XS
SM
MD
LG