Uko wahagera

Burundi: Batandatu Bishwe ku Mutakura


Ubwicanyi ku Mutakura

Ubwicanyi ku Mutakura

Abantu batandatu harimwo umupolisi umwe nibo bishwe mw’ijoro ryo kuruyu wa kabiri tariki ya mbere y’ukwezi kwa cumi n’abiri mu 2015 mu gisagara ca Bujumbura. Batatu muribo bishwe bakerewe amazosi.

Abo bantu batowe ari ibiziga muri karitiye ya Mutakura mu buraruko bw’umurwa mukuru w’u Burundi Bujumbura kw’ibarabara rya 13.

Iruhande y’abo basivili batanu, igipolisi kimenyesha ko umupolisi umwe yishwe abandi batatu barakomreka mu gihe bariko bacungera umutekano baca baterwa ama grenades n’abagizi ba nabi.

Umumenyeshamakuru w’Ijwi ry’Amerika I Bujumbura mu Burundi Eloge Willy Kaneza ni we yakurikiranye iyi nkuru.

XS
SM
MD
LG