Uko wahagera

COP21: Imodoka Zikoresha Umuyagankuba ni Igisubizo


Imodoka Zikoresha Umuyagankuba Igisubizo ku Kibazo c'Ihindagurika ry'Ibihe
Imodoka Zikoresha Umuyagankuba Igisubizo ku Kibazo c'Ihindagurika ry'Ibihe

Imodoka zidakoresha igitoro ni kimwe munyishu y’ikibazo c’ihindagurika ry’ibihe. Kugira yuzuzwe umucanwa ushobora kugenda ibirometero 240 itarazima, iyo modoka idakoresha ibitoro canke amazutu, isaba hagati y’iminota 30 n’amasaha atandatu.

Izo modoka ziri mu bwoko butandukanye, zigurwa amafaranga y’abanyaburaya ari hagati y’ibihumbi cumi na bitatu n’ibihumbi cumin a bitanu.

Umufasoni Aline Enriche ajejwe guhanahana amakuru mw’ishirahamwe Alliance Renault rikora iyo miduga kuva mu 2010, yabwiye Ijwi ry’Amerika ko atasoko bararonka muri Afrika . Ibice 99 kw’ijana yiyo bamaze gukora yadandajwe ahanini i Buraya

Igitandukanya iyo modoka n’izindi zikoresha Ibitoro, n’uko yoyo iyo iriko iragenda ata vyuka irungika mu kirere canke ngo hagire induru yunvikana.
Abakurikiranira hagufi ivy’ihindagurika ry’ibihe bakemeza ko izo modoka zifise akamaro kanini kukugabanya ingaruka mbi zituruka kw’ihindagurika ry’ibihe

Naho biri Uko,muri Afrika kugira bayikoreshe ku bwinshi biracari kure.

Bimwe mubihugu bimaze Kugabanya ivyuka birungikwa mu kirere bibicishije mu buryo bwo kwiyunguruza ni nk’igihugu ca Danemark ,aho ibice 40 kw’ijana vy’abanyagihugu bikoresha amakinga mu kwiyunguruza.

Mw’ijambo ryiwe ryo kuri uno wambere aho inama igira mirongo ibiri na rimwe yatangura , umukuru w’igihugu c’Ubufaransa Francois Hollande yabwiye bagenzi biwe ko ibihugu bitunze bitegerezwa gufata mu mugongo ibihugu bikenye mu gisata c’ukwiyunguruza hakoreshejwe uburyo butonona ibidukikije.

XS
SM
MD
LG