Uko wahagera

Obama: ISIS ni yo Mwanzi wa Turkiya n'Uburusiya


Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Barack Obama asaba guhwamika umwuka mubi hagati y'Uburusiya na Turkiya n’ukuja hamwe ku bijanye n’intambara mu gihugu ca Syria.

Obama atangaje ayo magambo, indwi imwe inyuma yuko igihugu ca Turkiya kirashe indege y’ingwano y’igihugu c’Uburusiya, bigatuma haba umwuka mubi hagati y’ivyo bihugu bibiri.

Prezida Obama avuga ko bafise umwansi umwe, akaba ari ISIS. Ivyo Perezida Obama yabishikirije uno musi ku wa kabiri inyuma y’ibiganiro na prezida wa Turkiya, Recip Tayyip Erdogan ku ruhande rw’ikoraniro mpuzamakungu kw’ihindagurika ry’ibihe ririko ribera i Paris, mu Bufransa. Perezida Obama yasubiye kumenyesha ko Amerika ishigikiye igihugu ca Turkiya.

Amenyesha ako Amerika ishigikiye uburenganzira bw’igihugu ca Turkiya bw’ukwivuna, gukingira ikirere n’ubutaka bwaco.

XS
SM
MD
LG