Uko wahagera

Amerika Izakaza Uburyo bwo Kubona Visa


Leta zunze ubumwe za Amerika zimenyesha ko zigiye kwongereza izindi ngingo zo gusuzuma abafata ingendo bagana muri icyo gihugu.

Iyo ngingo ifashwe inyuma y’ibitero vyabaye I Paris mu kwezi kwa cumi na kumwe. Iyo ngingo izifata Abanyagihugu bo mu bihugu bishika 38 barinda gusaba visa imbere yo kuza aha muri Amerika.

Imbere yo guhabwa visa, hazobanza gusuzumwa hakoreshejwe gutera ibikumu n’amafoto kugira barabe ko umuntu yigeze kugira ingendo mu bihugu leta zunze ubumwe za Amerika zita ko bikorwamwo iterabwoba.

Amakuru ava mubiro vy'umukuru w'igihugu avuga ko iryo suzumwa kandi rizosubira rikorwe kubibuga vy’indege imbere yo kwinjira mu ndege izoba ije kubutaka bwa Amerika.

XS
SM
MD
LG