Uko wahagera

ONU: Umutwe wa ADF Wishe 24 muri Kongo


Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rimenyesha ko abantu 24 basize ubuzima mu bitero vyakozwe n’abarwanya ubutegetsi bwa Uganda, bari mu buseruko bwa Republika iharanira Demokarasi ya Kongo.

Ico gitero cabaye kumusi w’Imana carahitanye kandi umwe mu basirikare ba ONU bagiye gucungera amahoro n’umutekano mur’ico gihugu.

Maman Sidikou, intumwa idasanzwe ya ONU muri reta iharanira demokarasi ya Kongo yarateye ivyatsi ico gitero cagabwe n’abarebels b’aba Islamistes bitwa Allied Democratic Forces (ADF) mu ntara ya Beni.

Amenyesha ko abo barebeles bateye ibitaro vy’ahitwa Eringeti kandi baraturiye amazu n’amamangazine yo mur’ako gace. Abarebeles 12 bari mu basize ubuzima mur’ico gitero.

Uwundi mutegetsi w’ishirahamwe ONU mur’iyo ntara, Jose Maria Aranaz, yamenyesheje ko kugaba ibitero kuba civile no kubitaro ar’ivyaha vy’intambara.Amenyesha kandi ko abo ba rebels babwirizwa gushirwa imbere y’ubutungane ba ADF.

XS
SM
MD
LG