Uko wahagera

Obama: Hakenewe Intambwe Ziboneka zo Kwita ku Bidukikije


Perezida Barack Obama w'Amerika na mugenzi we w'Ubushinwa Xi Jinping mu nama y'i Parisi mu Bufransa (30/11/2015)
Perezida Barack Obama w'Amerika na mugenzi we w'Ubushinwa Xi Jinping mu nama y'i Parisi mu Bufransa (30/11/2015)

Mu murwa mukuru w'Ubufransa, Parisi, uno musi hatanguye inama ya 21 mpuzamakungu kw’ihindagurika ry’ibihe, yiswe COP21.

Perezida wa Reata zunze ubumwe z'Amerika Barack Obama yabwiye abategetsi b’ibihugu vyo kw’isi bitavye iryo koraniro ko bose bumva umugambi wihutirwa w’ukugabanya imyuka igeramira ibidukikije n’ukugabanya ukwiyongera kw’ubushuhe kw’isi. Bwana Obama yatanze akarorero k’intambwe Reta Zunze Ubumwe za Amerika n’ibindi bihugu bimaze gushikako.

Amenyesha kw’igikorwa cabo mw’ikoraniro mpuzamakungu ari ugufata imigambi yo mu kiringo kirekire kiri imbere kizorangwa n’urugero ruri hasi rw’imyuka igeramira ibidukikije.

Yongeye kandi arerekana akamaro k’uguha uburyo ibihugu biri mu nzira y’amajambere kugira bifashe gukoresha amasoko ntanganguvu atageramira ibidukikije.

XS
SM
MD
LG