Uko wahagera

Papa Fransisiko Arahayagiza Uganda ku Kugene Yakiye Impunzi


Pope Fransisiko ahejeje kugirisha imisa kuri campus yo kw'ishule kaminuza y'i Nairobi, ku murwa mukuru wa Kenya, ku musi wa kane, italiki 26 z'ukweziz kw'icumi na rimweumwaka w'2015.
Pope Fransisiko ahejeje kugirisha imisa kuri campus yo kw'ishule kaminuza y'i Nairobi, ku murwa mukuru wa Kenya, ku musi wa kane, italiki 26 z'ukweziz kw'icumi na rimweumwaka w'2015.

Umuyobozi wa Ekleziya Katolika, Papa Fransisiko, yahayagije igihugu ca Uganda ku kugene cishuye mu kwakira impunzi, mu gihe yatanguye urugendo muri ico gihugu ahagira kabiri azoba ahagaze mu rugendo arimwo mu karere ka Afrika.

Papa Fransisiko, avuga ko mu karere ka Afrika yo mu buseruko, Uganda yatumye impunzi gusubira kwubaka ubuzima bwazo, mu mutekano n’icubahiro.

Ishami ry’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, ryitaho impunzi, UNICEF, ryamenyesheje kw’igihugu ca Uganda cakiye impunzi zirenga ibihumbi amajana atanu, benshi muribo bahunze intambara n’ubwicanyi muri Republika iharanira Demokrasi ya Congo, na Sudani yo mu bumanuko.

Papa Fransisiko, yatangaje kandi kw’amakungu abona Afrika nk’akarere k’umwizero. Amenyesha ko urugendo rwiwe rw’imisi itatu rugenewe kwerekana ivyo Afrika yashitseko n’ibibazo ifise.

Papa Fransisiko, azomara umusi w’ejo ku wa gatandatu mu gihugu ca Uganda, mu nyuma yaho azogendera igihugu ca Centrafrique, ku musi w’Imana.

Papa Fransisiko, yagiye mu gihugu ca Uganda avuye mu gihugu ca Kenya, aho yasavye abakiri bato mu gihugu ca Kenya kurwanya iyifato ifatiye ku bwoko, bakaja hamwe.

Ivyo yabishikirije imikangara y’Abanyafrika ibihumbi n’ibihumbi, mu kibuga Ksarani, mu gihugu ca Kenya ku musi wa gatanu, aho yavuze ku bibazo biraje ishinga abakiri bato vy’ubwicanyi n’ibiturire. Akaba yabasavye gusenga, kurondera kwumva n’ugukorera hamwe, ah’ukwumviriza abakokeza ubwicanyi.

Yabwiye abakiri bato ko bafise ububasha bw’uguhitamwo inzira y’amacakubiri, canke inzira y’ugukorera hamwe.

Inyuma y’ivyo birori, vyari bitegekanijwe ko Papa Fransisiko, yagumye muri ico kibuga aho yashikirije ijambo abakiri bato, kugira abonane n’abepiskopi b’aba Katolika imbere yaho aja ku kibuga c’indege, mu birori vy’ugusezera abanya Kenya.

Imbere yaho, ku musi ku wa gatanu, Papa Fransisiko, yagendeye igice kibamwo abantu bakenye ca Kengemi, ku murwa mukuru wa Kenya, Nairobi, aho yashimikiye ku gikorwa nkenerwa c’ukwubaka amazu meza ku bakene.

XS
SM
MD
LG