Uko wahagera

ONU: Amakenga kw'Ihagarikwa ry'Imiryango Yigenga mu Burundi


Igisata c’ishirahamwe mpuzamnakungu ONU cita ku burenganzina bwa muntu kimenyesha ko gihangayikishijwe n’ingingo Reta y’Uburundi iherutse gufata yo guhagarika amashirahamwe ashika adaharanira inyungu za Politike.

Ayo mashirahamwe arimwo ayakora mu bikorwa vyo kugarukana amahoro no kurwanira agateka ka muntu.

Mw’itangazo ico gisata casohoye tariki ya 25/11/2015, Zeid Ra’ad Al Hussein, Komiseri mukuru w’igisata ca ONU kijejwe agateka ka muntu amenyesha ko iyo ngingo ishobora gutuma Uburundi busubira mu ntambara y’abenegihugu.

Abandanya avuga ko iyo ngingo igamije kubuza abifuza kugira ico bashikirije kandi ko igabanya amahirwe y’uko ibiganiro hagati y’abarundi bizogira ico bishikako no guhagarika ugusesa amaraso.

Agabisha ko ivyo guharanira agateka kamuntu hamwe n’umutekano bigiye kuyangara mugihe Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryagize uruhara mu kugarukana umutekano inyuma yaho abarundi bari bamaze imyaka irenga cumi mu ndyane.

Zeid Ra’ad Al Hussein, Komiseri mukuru w’igisata ca ONU kijejwe agateka ka muntu abandanya avuga ko atacizere afise ko ayo mashirahamwe azosubira kwemererwa gukora muri kazoza ka hafi mugihe n’amaradiyo ashika atanu yugawe ivyayo bitaradadanuka

XS
SM
MD
LG