Uko wahagera

Amerika Isaba U Burundi Kutabangamira Amashyirahamwe


Thomas Perriello ni intumwa y'Amerika mu karere k'ibiyaga bigari
Thomas Perriello ni intumwa y'Amerika mu karere k'ibiyaga bigari

Ambassade ya Reta zunze ubumwe za Amerika mu Burundi itewe impungenge zikomeye n’ ingingo iherutse gutangazwa na Reta y’Uburundi y’uguhagarika ibikorwa vy’amashirahamwe atari make adaharanira ivyicaro vya politike n’uguhagarika amatungo yayo.

Mw’itangazo ryanditse, Ambassade y'Amerika imenyesha ko iyo ngingo irageramira kurushiriza ubwigenge bw’ukuja hamwe n’ugushikiriza ivyiyumviro. Yumvikanisha ko iyo ari intambwe igaragara y’ugusubira inyuma mu mugambi w’ukurondera amahoro n’ibiganiro mu Burundi.

Iyo Ambassade imenyesha kw’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike ari ikintu gihambaye cane ku bijanye na demokrasi y’ukuri kubera atuma abanyagihugu bavugana na Reta yabo ku bibazo bikomeye vy’igihugu.

Ubuserukizi bw’Amerika mu Burundi bumenyesha kandi ko amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike, afasha abanyagihugu kumenya ibiranga ubuzima bw’igihugu, akongera akavuga ku bitagenda neza muri Reta.

Ukuvugana hagati ya Reta n’ayo mashirahamwe vyotererezwa kwubahirizwa, kubera amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike aserukira abanyagihugu.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika ziratewe amakenga nuko ingingo ya Reta y’Uburundi y’ukugeramira imirimo y’amashirahamwe adaharanira inyungu za politike ishobora kubuza Amerika kubandanya gufasha Abarundi biciye muri ubwo buryo bari basanzwe bakorana.

Nkuko Perezida Obama aherutse kubimenyesha, Reta Zunze Ubumwe za Amerika zibandanya kwiyemeza ku vyerekeye gukorana n’Abarundi, n’ukorondera uburyo bw’ukubandanya intererano yazo. Amerika iraha agaciro uruhara rw’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike, ikaba ihayagiza ukwitanga kw’ayo mashirahamwe ku bijanye n’iterambere ry’igihugu, cane cane muri ibi bihe bitoroshe na gato.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zibandanya gushigikira Abarundi n’uburyo bashikiriza uburenganzira bwabo ku bijanye na politike n’agateka ka muntu. Amerika kandi itangaza ko mu gihe ibibazo vya politike n’ubutunzi bibandanya kwiyongera mu Burundi, gukandamiza amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike biciye kubiri n’ivyo Abarundi bakeneye.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zisaba Reta y’Uburundi gukuraho idatevye ingingo ihagarika amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike kugira Abarundi bashobore kubandanya kuronka uburyo bw’uguteza aimbere igihugu cabo mu mahoro.

XS
SM
MD
LG