Umurwi Berco Star wo mu Burundi uzoja ku wa gatatu w’ino ndwi mu gihugu ca Angola kizakira inkino z'Afurika z’uno mwaka .
Inarukundo Nancy icababa ca kapiteni wa Berco Star avuga ko umurwi witeguriye bihagije ihiganwa. Uyu kapiteni amenyesha ko uko baheruka gukina mu gihugu c’ u Rwanda no muri Angola bazogerageza gukora vyiza. Iryo higanwa rizotangura ku igenekerezo rya 26 ukwezi kw'icumi na kumwe, rirangire ku igenekerezo rya 6 ukwezi kwa 12 uyu mwaka wa 2015.
Umunyamakuru w’Ijwi rya Amerika Evariste Nzikobanyanka yakurikiranye uwo mukino.