Uko wahagera

Mali: Abantu 27 Baguye mu Gitero cy'Iterabwoba


Abasilikari b'umutwe urinda Perezida baragenzura imbere ya hoteli Radisson
Abasilikari b'umutwe urinda Perezida baragenzura imbere ya hoteli Radisson

Abantu 27 nibo basize ubuzima muri ca gitero caba kw’ihoteri yo mu gisagara Bamako ejo ku musi wa gatanu. Ivyo bimeneyshwa n’umuvugizi w’igisirikare ca mali. Mur’abo bapfuye harimwo abantu babiri bagavye ico gitero.

Imihari ibiri y’ishami rya al-Qaida yiyemereye ko ariyo yagavye igitero.Al-Qaida yo muri Maghreb n’uwundi muhari w’iterabwoba uzwi kw’izina rya El Mourabitoune bamenyesheje ko bagiye hamwe mu kugaba igitero ku hoteli Radisson Blu iri ku murwa mukuru Bamako. Iyo Hoteli ikundwa n’abanyamahanga.

Ibikorwa vyo gutuza abo bihevyi vyarangiye ejo kumusi wa gatani nyene mu masaha yitereye inyuma y’aho abasirikare ba Mali b’inseruka rugamvye basakiye ivyumba vyose.

Abategetsi ba Mali babwiye ijwi rya Amerika ko imbohe zose zakuwe muvyara vy’abihevyi kandi department ya reta ya Leta zunzubumwe za Amerika imenysha ko umutekano ari wose kur’iyo Hoteli.

Igihugu ca Mali kimaze imyaka itari mike kirwanya abarobeli begamiye umuhari wa al-Qaida. Imihari yegamiye al-Qaida nayo imaze kwiyemerera ko ari yo yagavye ikindi gitero mu ntango z’uyu mwaka mur’ico gihugu nyene ca Mali.

XS
SM
MD
LG