Uko wahagera

Umurwi MENUB Warangije Ibikorwa byawo mu Burundi.


Ibiro vya ONU vyakurikiranye amatora ya 2015 mu Burundi vyarangije ibikorwa vy’aryo kuri rino genekerezo rya 18 ukwezi kwa 11 uno mwaka wa 2015. Yaba leta y’Uburundi canke abatavuga rumwe nayo, barashima gikorwa uwo murwi waranguye. Abo banyuma ariko bashikiriza ko ayo matora yahonyanze amasezerano ya Arusha n’bwirizwanshingiro.

Uwahora ahagarariye vy’imfatakibanza uwo murwi, yabwiye abitavye ivyo birori ko ashima ingene uwo murwi wakoranye neza n’abegwa n’amatora ya 2015. ISSAKA Souna yamenyesheje ko naho ibihe vy’umutekano na politike bitari vyoroshe, uwo murwi washoboye gukora imbere, mu matora n’inyuma y’ayo.

Ku ruhande rwa Leta y’Uburundi barashima igikorwa caranguwe n’umurwi wa ONU wakurikiraniye hafi amatora ya 2015. Uwaserukiye Leta y’Uburundi mur’ivyo birori Ambassaderi Zacharie Gahutu yasavye Ishirahamwe mpuz’amakungu ONU kuguma hafi ya Leta y’Uburundi mu gutsimbataza amahoro n’umutekano, iterambere ridasigaye inyuma.

Abatavuga rumwe na Leta y’Uburundi bari bitavye ivyo birori barashima ko umurwi MENUB wakoze akazi kabo. Evariste Ngayimpenda wo mu mugambwe UPRONA ishami rya Charles Nditije yamenyesheje ko ivyavuye mu matora ya 2015 n’ubu batavyemera kuko vyahonyanze amasezerano ya Arusha n’ibwirizwanshingiro.

Bitegekanijweko ibikorwa vy’umurwi wa ONU wakurikiraniye hafi umugambi w’amatora mu Burundi kuva mu kwezi kwa mbere uno mwaka bizorangira vyose nyezina kw’igenekerezo rya 31 kigarama uno mwaka wa 2015.

Evariste Nzikobanyanka, umunyamakuru w’Ijwi ry’Amerika i Bujumbura, afite ibisobanuro.

XS
SM
MD
LG