Uko wahagera

Bujumbura: Abantu 5 Bishwe mu Makomini Atandukanye


Abantu 5 nibo baraye bahitanywe n'amasasu yumvikanye muri iri joro ryakeye mu mihingo itandukanye yo mu gisagara ca Bujumbura.

Muhatewe harimwo urugo rw’uwurongoye igisagara ca Bujumbura Freddy Mbonimpa. Igitigiri c abakomeretse cagumye ciyongera biturutse ku magerenade yatewe imbere y umutaga kuri uyu wa mbere hirya no hino mu gisagara ca Bujumbura.

Umunyamakuru w'Ijwi ry'Amerika Fidelite Ishatse ni we uduha ibisobanuro birambuye kuri iyi nkuru.

XS
SM
MD
LG