Uko wahagera

Umuryango w'Afurika Wifuza ibiganiro by'Abarundi Bose


Abayobozi b'Afurika mu nama Addis-Abeba muri Etiyopiya
Abayobozi b'Afurika mu nama Addis-Abeba muri Etiyopiya

Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika rivuga ko ryipfuza gutangura vyihuta ibiganiro bigizwe na bose bigamije kwumvikanisha abarundi bigahagarika uruhagarara ruri mu Burundi. Muri iki gihe nyene akagwi k’abasirikare b’ibihugu vyo mubuseruko bwa Africa ko kwama kagavye, kasabwe kwitegura mugihe ibintu vyo yanzara.

Ejo ku musi wa gatanu akanama k’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afirika kamenyesheje ko kagiye gushigikira ibiganiro bigizwe na bose ariko kakanategura izo nteko z’ibihugu bigize umuryango w’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko.

Ismail Chergui, komiseri w’akanama k’umutekano mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, avuga kw’ibiganiro bishobora kugarura igihugu mu bihe bisanzwe bigizwe n’umutekano.

Muri iki gihe reta y’Uburundi ntiratomora neza niba izokwitabira ibiganiro vy’umwumvikano ivyarivyo vyose. Ahandi naho, ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya rimaze gutangaza ko bamwe mubakozi bayo, kimwe n’imiryango yabo basabwe kuva mugihugu c’uburundi.

Komiseri Chergui avuga ko ibikogwa vyo gutegura kurungika abasirikare b’abanyaAfrica mu Burundi bigiye gukogwa mugihe ibiganiro bito genda neza. Uruhagarara rumaze igihe mu gihugu c’Uurundi rumaze guhitana ubuzima bw’abantu bashika ku 240, abandi ibihumbi 200 bamaze guhungira mu bihugu bihanye imbibe n’Uburundi

XS
SM
MD
LG