Uko wahagera

Inama yo kuri Siriya Irabera muri Otirishiya


Ibiganiro kuri Siriya birabera i Vienne muri Otirishiya
Ibiganiro kuri Siriya birabera i Vienne muri Otirishiya

Sekreteri wa reta wa Reta zunzubumwe za Amerika kur’uno wa kane yafashe urugendo ruzomushikana mu bihugu vya Tuniziya, Autriche na Turukiya.

Indyane za politike zirangwa muri Siriya n’ubwicanyi bw’umuhari wa Reta ya Islamike mur’ako karere ni bimwe mubimuzindukanye mur’urwo rugenga.

Iyo nama ibera mu gihugu ca Autriche abategetsi b’ibihugu vya rutura, ishirahamwe mpuzamakungu ONU n’ubumwe bwa Buraya bazoba bagiye gusubira kuganira kukibazo ca kazoza ka Siriya no kuraba ingene bonyarutsa ibiganiro kugira barabe ingene intambara yo muri Siriya yohagarara vuga

Barumvikanye kuzoshiraho umurwi urongowe na ONU ushobora guhagararira ibiganiro hagati ya reta ya Siriya n’abatavugarumwe nayo kugira habe amasezerano yo guhagarika intambara.

Ariko gushikubu amakungu ntarumvikana ko Prezida Bashar al-Assad yobanza gukurwa canke ko azoba aragumaho mugihe ivyo biganiro bizoba biriko biraba.

XS
SM
MD
LG