Uko wahagera

ONU Yiteguye Kohereza Ingabo mu Burundi


Icyicaro cya ONU mu mujyi wa New York

Icyicaro cya ONU mu mujyi wa New York

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rimenyesha ko rishobora kurungika inteko zo gucungera amahoro mu Burundi mugihe ubwicanyi butohagarara vuba.
Abategetsi ba ONU bamenyesha ko bashobora kwikora ku basirikare baryo bari mu gihugu kibanyi ca Kongo.

Ambassaderi Matthew Rycroft aserukira Ubwongereza muri ONU yameneysheje ejo ku musi wa gatatu ko inama ya ONU ijejwe umutekano iriko irakora ibishoboka kugira igondoze abategetsi b”uburundi kandi irinde ubwicanyi bw’ikivunga bushobora mu Burundi.

Ubumwe bwa Afrika nabwo nyene bushobora kurungika abasirikare bacungera amahoro. Ku ruhande rw’Uburundi, abategetsi babandanya guhumuriza amakungu ko ata mucanywa uriko uraka mu Burundi kandi ko atabwicanyi bw’ikivunga bushobora kuba.

Imvururu z’ubwicanyi zatanguye mu Burundi mu kwezi kwa kane kuvaho Prezida Nkurunziza amenyeshereje ko azitoza kukiringo kigira gatatu, abatavugarumwe nawe bamawagirije guca kubiri n’ibwirizwa nshingiro.
Abantu baharurwa 240 nibo bamaze gusiga ubuzima mur’izo ndyane, abarenga ibihumbi nabo bahungira mu bihugu bibanyi n’uburundi.

XS
SM
MD
LG