Uko wahagera

Amerika Irashakisha Abayobozi ba Al-Shabab


Reta Zunzubumwe za Amerika zimeneysha ko zigiye gutanga ubushimwe kuwuzotanga amakuru y’aho abategetsi batandatu b’umuhari w’iterabwoba ba Al shabab muri Somaliya binyegeje.

Miliyoni zirenga zitandatu z’amadolari y’abanyamerika zizohabwa uzotanga amakuru y’aho Abu Ubaidah ari kw’isonga rya Al shabab yinyegeje.

Abu Ubaidah yagenywe kurongora uwo muhari mukwezi kw’icenda kw’umwaka uheze inyuma yaho uwitwa Ahmed Abdi Godane yiciwe. Ubundi bushimwe burenga imiliyoni zitanu z’Abanyamerika buzohabwa abazotanga amakuru y’izindi ndongozi zitatu za Al shabab zizwi ku mazina ya Mahad Karate, Ma'Alim Daud na Hassan Afgooye.

Karate, azwi kandi kw’izina rya Abdirahman Mohamed Warsame, yagirizwa kugira uruhara mu gitero cahitanye abantu 148 muri kaminuza y’I Garissa mur Kenya mu kwezi kwa kane.

Daud nawe yagirizwa ibitero kuri reta ya Somaliya mugihe Afgooye yagirizwa kurondera amafaranga Al Shabab ikoresha mu bikorwa vyayo.

XS
SM
MD
LG