Uko wahagera

Umuhungu wa Pierre Claver Mbonimpa yahambwe umwe mu Barundi baharanira agateka ka zina muntu, yahambwe kuri uno wa kabiri.

Abari baje guhamba Welly Fleury Nzitonda bambwiye ijwi ry'Amerika ko abantu batinye kuza guhamba kubera gutinya ko bohava nabo nyene baraswa nkuko bimaze imisi vyibonekeza aho abavuye gushingura ababo baraswa.

Ibirori vyo gushingurana iteka Welly Fleury Nzitonda vyatanguwe n'inkuka y' imisa. Mu gisabisho co gusabira no guhereza imana uyo mwana wa Pierre Claver Mbonimpa, ijambo ikingwe ryagumye rigaruka, haba ku bamaze imisi bagandagurwa no kuba bagandagura.

Mu migenzo yikirundi biramenyerewe ko urupfu ari ikintu c’ubahwa, aho usaga abantu bagizwe n’incuti zaba izahafi canke abagenzi basidukana niyonka mu gikorwa c’ugushingura. Yamara rero uno musi siko vyari bimeze kwa Welly Fleury Nzintonda.

Kiretse ko ata muvyeyi n umwe wiwe yari ahari, no mubo bavukana habonetsemwo umwe gusa. Umwe mu bagenzi biwe b’ugwaruka yari yahaserutse yatumenyesheje ko abenshi bari bipfuje kuza kumuherekeza ariko ko batinye nabo nyene kwicwa kubera bimaze imisi vyibonekeza aho abavuye guhamba bicwa.

Welly Fleury Nzitonda yari afise imyaka 29, akaba yagandaguwe, ku wagatanu igenekerezo, rya Gatandatu Munyonyo ku mutakula. Abamuherutse iryamya bamenyesha ko amaso yanyuma bamukubise ko yari yari mu minwe y igipolisi.

XS
SM
MD
LG