Uko wahagera

Burundi: Impunzi Zirenga 3000 Zinjiye muri Tanzaniya


Impunzi z'Abarundi

Impunzi z'Abarundi

Abarundi bahungira mu gihugu caTanzaniya baciye kumupaka wa Mabamba mu karere ka Kibondo intara ya Kigoma bariyongereye cane mu kwezi guheze kwa cumi.

Abategetsi basobanura ko abarenga ibihumbi bitatu ari bo bahunze baciye kuri uwo mupaka muri ukwo kwezi kwonyene. Bamwe muri abo bantu bahunze bavuga ko bahungai iterabwoba ry’abategetsi bamwe bamwe. Hari n’abandi bavuga ko bahunze intambara yoba igiye kuba mu Burundi.

Umunyamakuru w'Ijwi ry'Amerika mu Burundi Fidele Nsabimana araduha ibisobanuro birambuye kuri iyi nkuru.

XS
SM
MD
LG